Uko wahagera

Abigisha muri Kaminuza za Reta muri Kenya Bagararije Akazi


Abigisha ba Kaminuza muri Yegereyegere muri Kenya

Abigisha bo muri za kaminuza za Reta bari bihereje amabarabara mu gatondo ko ku musi wa gatatu. Urugendo rwabo rwabakuye kuri kaminuza ya Nairobi rubashikana ahitwa Jogo House hakorera ubushikiranganji bw’indero muri Nairobi nyene.

Charles Mukhwaya, umunyamabanga mukuru w’urunani rw’abakozi bo muri za kaminuza muri Kenya yasiguye ko iyi yegereyegere ari Reta yayitumye.

Bavuga ko uwubatuma kwama muri za yegereyegere ari Reta ya Kenya n’abakuru ba za kaminuza. Batangaza ko iyo baza ku meza y’ibiganiro mu mwaka uheze batari kuba ariho bari.

Ariko abanyeshure nka Bruno Otiato wo kuri kaminuza ya Nairobi bemeza ko ingaruka mbi zose zigwa kuribo.

N’ubwo ivyo Otiato asigura vyumvikana, abigisha bo basanga aribwo buryo bwonyene bwo gutuma Reta ibumvira.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza i Nairobi muri Kenya:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:32 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG