Uko wahagera

Umugore Yarashe Abantu ku Nyubakwa ya Youtube Yamenyekanye


Abaporisi begereza inyubakwa ya YouTube i San Bruno, Californiya, itariki 3/04/2018.
Abaporisi begereza inyubakwa ya YouTube i San Bruno, Californiya, itariki 3/04/2018.

Umugore yaraye arashe ahari icicaro c’ishirahamwe Youtube hafi y’igisagara ca San Francisco, muri reta ya Californiya, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika kur’uyu wa kabiri. Uwo mugore yakomerekeje abantu batatu imbere yuko nawe nyene yiyica.

Igiporisi c’akarere ka San Bruno gitangaza ko uwo mugore yarashe, yitwa Nasim Najafi Aghdam akaba yar’afise imyaka 39.

Itangazo ry’igipolissi rivuga ko ata makuru akwiye yerekana kw’uwo mugore yari asanzwe abazi abo yarashe canke ko yari afise umugambi wo kubica.

Ibinyamakuru bimwe bimwe bitangaza ko Aghdam yari amaze igihe yagiriza ishirahamwe Youtube kuba hari amavidewo yiwe yabarungikira ariko ntibayatangaze mu buryo yayabarungikiye. Uwo mugore yagiriza iryo shirahamwe ko atahabwa agahembo gakwiye kuma videwo yarungikira iryo shirahamwe.

Umuvugizi w’ibitaro vyo mu gisagara ca San Fransisco aremeza amakuru y’uko babiri mu bagore barashwe, ubuzima bwabo butabangamiwe cane, ariko ko kugeza ejo ku musi wa kabiri umugabo ari mu barashwe, amagara yiwe atifashe neza.

Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca San Bruno, Ed Barberini, amenyesha ko abo bantu barasiwe hanze y’iyo nyubakwa ya Youtube bariko bivuna umusase.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG