Uko wahagera

Isi Yibutse Imyaka 50 Martin Luther King Agandaguwe


Martin Luther King Jr. mu nama "Southern Christian Leadership Conference", ashikiriza ibihumbi vy'abantu ijambo ryiwe "I Have a Dream"
Martin Luther King Jr. mu nama "Southern Christian Leadership Conference", ashikiriza ibihumbi vy'abantu ijambo ryiwe "I Have a Dream"

Amakungu yibutse kur'uyu musi wa gatatu imyaka mirongo itanu irangiye Dr. Martin Luther King Jr. yayoboye umuhari w’abaharanira agateka k’abirabure, akaba yaranatsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, agandaguwe.

Bamwe mu bana biwe n’abandi banyacubahiro batari bake basubiye gutera akamo ku musi wa kabiri. Ako kamo kerekeye ubutungane butaraba ibara ry’urukoba, mu gisagara ca Memphis, muri Reta ya Tennessee, aho ubuzima bwiwe bwarangiriye kw’italiki zine z’ukwezi kwa kane umwaka w’i 1968.

Umukobwa wiwe muto, Bernice King, avuga ko bamubuze ahitanywe n’urusoro rw’umwicanyi. Umuhungu wiwe mukuru, Martin Luther King III, yatangaje ko mu misi mikeyi irangiye mu gisagara ca Sacramento, muri Reta ya California, umusore yarashwe afise telefone mu minwe. Yasavye ko haba ubutungane kuri we.

Martin Luther King Jr. yaravuze ku butungane mu majambo azokwibukwa yashikirije umusi w’imbere yuko agandagurwa.

Docteur King yavuze ko ibihe biri imbere bitoroshe na gato, ko yamara ivyo ataco bihindura kuri we kubera yashikiriye umugambi yari yishinze.

Yatangaje, ko nk’umuntu uwo ariwe wese, yipfuza kubaho ubuzima burebure, ko yamara ivyo atari vyo bimuraje ishinga. King yavuze ko ashaka kurangura ivyo Imana yamushinze.

Yavuze ko Imana yamurekuriye gushika kw’isonga ry’umusozi aho yaravye akabona igihugu c’amasezerano. Yatangaje ko ashobora kutazohashika n’abo basangiye urugamba ko yamara ashaka ko bamenya ko bazoshika muri ico gihugu c’amasezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG