Uko wahagera

Ikibazo c'Abimukira b'Abanyafrika muri Israyelil Kirabandanya


Abimukira b'abanyafrika mu myiyerekano ku murwa mukuru wa Israel, Tel Aviv, kw'italiki 3 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2018

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe kwitaho impunzi kw’isi HCR bimenyesha ko bibabajwe n’ingingo y’igihugu ca Israyeli yo kuva mu masezerano yo kwimura abimukira b’abanya Eritreya n’Abanya Sudani ibihumbi n’ibihumbi bariko bararondera ubuhungiro. Ivyo biro bibandanya kwizera ko ico kibazo kizotorerwa inyishu vuba.

Muri aka kanya hari abimukira b’abanya Eritreya n’Abanyasudani bashika ibihumbi mirongo itatu n’icenda bariko barasaba ubuhungiro muri Israyeli, benshi muribo bakaba baba mu bigwati bikenye vy’igisagara ca Tel Aviv.

Ku musi wa mbere w’iyi ndwi, Israyeli na ONU vyari vyatangaje ko vyapfunditse amasezerano yo kurungika bamwe muri abo bimukira mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, kandi ko bagiye kwemerera abasigaye guhabwa impapuro zibagenga vy'agateganyo bagashobora kurondera ubuzi.

Uwo mugambi wa Netanyahu watumye haduka amatati menshi mu mugwi w’abanyepolitike begamiye ubutegetsi bwiwe bo babona ko abo banyafrika bari muri ico gihugu batisunze amategeko.

Benjamin Netanyahu yaciye akura igihugu muri ayo masezerano yapfunditse na ONU haciye umusi umwe.

William Spindler umuvugizi wa HCR avuga ko muri aka kanya ata n'umwe azi ibigiye gukwirikira ku kibazo c’abo bimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG