Uko wahagera

RDC: Kinshasa Yipfuza ko Monusco Itahuka muri 2020


Perezida Joseph Kabila mu nama y'abagwizatunga mu gisata c'ubutare, Kinshasa, itariki 7/03/2018.

Kinshasa yipfuza ko mu mwaka w’i 2020 umurwi wa ONU uri muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuva mu mwaka w’1999 uzoba wavuye mu gihugu. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Léonard She Okitundu, inyuma y’indwi ONU yongeye uwundi mwaka umurwi wa MONUSCO.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Kinshasa, She Okitundu yagize ati: "Twaramenyesheje inama ya ONU ijejwe umutekano ko inyuma y’ico kiringo, uwo murwi wa MONUSCO uzoca utangura gutahuka inyuma y’imyaka 20 umaze mu gihugu cacu ".

Uwo mushikiranganji yongeye kwibutsa ko igihugu ciwe kitazokwitaba inama y’abafasha itegekanijwe i Geneve kw’itariki ya 13 z’ukwezi kwa kane, izoba irongowe na ONU hamwe n’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya.

Kinshasa ibona ko ONU hamwe n’amashirahamwe atanga imfashanyo akoresha imvugo ndenzarugero mu kuvuga uko ibintu bitari mu ntara za Tanganyika, Kivu yo mu bumanuko hamwe na Kasaï.

Mwomenya ko inteko za MONUSCO ari zo nyinshi ONU ifise kw’isi mugihe zishikana abasirikare 16.215, indorerezi za gisirikare hamwe n’abasirikare bakuru b’ibiro vya gisirikare 660, abaporisi 391 hamwe n’iyindi mirwi yegamiye ico giporisi igizwe n’abashika 1.050.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG