Uko wahagera

Amerika Yishe aba Al Shabab 5 mu Gitero c'Indege muri Somaliya


Abarwanyi ba al-Shabab bakizura mu micungararo ya Mogadishu, Somaliya, itariki 5/03/2012.
Abarwanyi ba al-Shabab bakizura mu micungararo ya Mogadishu, Somaliya, itariki 5/03/2012.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gitangaza ko cagavye igitero c’indege muri Somaliya gihitana abarwanyi 5 ba Al-Shabaab congera gisambura n’imodoka yabo.

Itangazo ryasohowe n’inteko z’Amerika ku mugabane w’Afrika kur’uyu wa mbere, rivuga ko ico gitero cabereye hafi y’igisagara ca El-Bur mu ntara ya Galmudug.

Al-Shabab wo wavuze ko abasivile aribo bishwe mur’ico gitero, harimwo umwanditsi yar’afise impano yo kwivuga amazina, Yusuf Dhegey. Abategetsi ba reta bavuze ko Dhegey yakoresha uko kwivuga amazina mu guhamagarira abanyagihugu kwiyunga na Al-Shabab.

Kibaye igitero kigira ndwi cakozwe n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Somaliya gushika aho uyu mwaka ushitse ubu, bavuga ko muri rusangi abarwanyi ba Al Shabab 22 bamaze kuhasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG