Uko wahagera

Isirayeli Yahagaritse Amasezerano Yerekeye Abimukira b'Abanyafrika


Isirayeli Yahagaritse Amasezerano ku bimukira
Isirayeli Yahagaritse Amasezerano ku bimukira

Inyuma y’aho ku musi wa mbere Isirayeli gitangarije ko cagiraniye amasezerano na ONU ko kitazokwirukana abimukira b’Abanyafrika, ico gihugu nyene carisubiyeko ku mugoroba wo kuri uyo musi nyene ko gihagaritse ayo masezerano.

Ayo masezerano yavuga ko abimukira barenga ibihumbi 16 bamuka muri Sudani na Eritreya baba muri Isirayeli bazohabwa ubuhungiro mu bihugu vya Buraya.

Isirayeli yari yemeye kandi ko nayo izosigarana igitigiri nk’ico nyene ku butaka bwaco.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ati "Mpisemwo guhagarika aya masezerano kugira nihe umwanya wo gusubira kwiyumvira ku biyarimwo". Yavuze kandi ko yumvirije amakenga ya bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Tel-Aviv, ahaba benshi mur’abo bimukira.

Bamwe mur’abo banyagihugu baranse kwemera ko ibihumbi vy’Abimukira bamuka muri Sudani no muri Eritreya baguma muri Isirayeli.

Isirayeli ihaye indaro abimukira 35,000 b’Abanyafrika, benshi muri bo bamuka muri Eritreya, na Sudani. Abo bimukira bavuga ko basaba ubuhungiro kuko bahunze guhamwa kwari iwabo. Ni mugihe abategetsi ba Isirayeli bamye bavuga ko bariko barondera ubuzi.

Mu kwezi kwa kabiri, Isirayeli niho yasohora itegeko ryo kwurikana abimukira b’abagabo ibihumbi 20, ibaha ikiringo c’amezi abiri co kuba batahutse atari aho bakazopfungwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG