Uko wahagera

Misiri: Perezida Sissi Yatsinze ku Majwi 97 kw'Ijana


Abashigikiye Perezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi bahimbaza intsinzi yiwe i Cairo, Misiri, itariki 2/04/2018.
Abashigikiye Perezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi bahimbaza intsinzi yiwe i Cairo, Misiri, itariki 2/04/2018.

Perezida wa Misiri Abdul Fattah al-Sissi yongeye gutorwa ikindi kiringo ca kabiri c’imyaka ine, inyuma yo gutsinda n’amajwi 97 kw’ijana mu matora yo mu ndwi iheze, nk'uko ibiharuro vyavuye muri ayo matora bivyemeza.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yamukeje amuterefonye kuri uyu wa mbere kandi uko ari babiri bemeranije ko bagiye gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu barongoye.

Naho Sissi yatsinze urukombamazi, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko hari amajwi arenga umuriyoni yoba yatowe n’abantu batari ku ntonde z’amatora.

Abanyeporitike batavuga rumwe na reta bari basavye ko ayo matora yohagarikwa inyuma y’aho bamwe muri bo bavuye mw’ihiganwa abandi barahagarikwa.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG