Uko wahagera

Etiyopiya: Abiye Ahmed Yatowe Kuba Umushikiranganji wa Mbere


Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Etiyopiya, Abiye Ahmed ashikiriza ijambo inyuma yo kurahirira amabanga y'umushikiranganji wa mbere, Addis Abeba, Etiyopiya, itariki 2/04/2018.
Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Etiyopiya, Abiye Ahmed ashikiriza ijambo inyuma yo kurahirira amabanga y'umushikiranganji wa mbere, Addis Abeba, Etiyopiya, itariki 2/04/2018.

Inama nshingamateka ya Etiyopiya yemeje Abiye Ahmed mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere mushasha.

Mu ndwi iheze, urunani rw’imigambwe ivuga rumwe na reta yari yamutoye ngo abe ariwe aruyobora, ivyo bikaba ari bimwe mu vyafashije itorwa ryiwe mur’ayo mabanga mashasha. Ahmed abaye umushikiranganji wa mbere agira gatatu mu myaka 23.

Ahmed asubiriye Hailemariam Desalegn yatanze imihoho mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, bitewe n’uruhagarara rwa poritike rumaze igihe kitari gito rwibonekeza mu gihugu.

Ambasade ya Reta Zunze ubumwe za Amerika muri Etiopiya yasohoye urwandiko ruvuga ko ishimishijwe n’iryo hanahana ry’ubutegetsi ryakozwe mu mutekano kandi ryisunze ibwirizwa shingiro rya Etiyopiya.

Ahmed ni umunyeporitike w’imyaka 41. Imbere yo kuja mu nama nshingamateka ya Etiyopiya mu 2010, yari umusirikare w’ipete rya liyetena coloneli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG