Uko wahagera

Abimukira Bane Barapfiriye muri Mediterane


Abatabara bo muri Tuniziya muri Mediterane, itariki 17/02/2018.
Abatabara bo muri Tuniziya muri Mediterane, itariki 17/02/2018.

Abimukira bashika kuri bane barapfuye ku musi w’Imana mu gihe bari mu bwato bagerageza kujabuka muri Esipanye bavuye muri Maroke, nk'uko makuru atangwa n’abatabara mw’ibahari avuga. Ibiziga vyabo vyatowe mu mazi hagati ya Maroke na Esipanye.

Umuntu umwe gusa yarokotse yabwiye abatabara ko 12 ari bo bari muri ubwo bwato igihe banduruka bavuye mu gisagara ca Tanger ku ruhande rwa Maroke mu gaturuturu. Amamuko y’abo bimukira bari muri ubwo bwato ntaramenyekana gushika ubu.

Kuva itariki 7 y’ukwezi kwa mbere gushika 25 z’ukwezi kwa gatatu, abimukira 120 barapfuye bariko baragerageza kwinjira muri Esipanye baciye mw’ibahari nk'uko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM ryabitangaje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG