Ibikorwa vyo guharura amajwi vyarabandanije ku musi w’Imana muri Sierra Leone, inyuma y’igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu yo ku musi wa gatandatu abarorerezi ba CEDEAO bavuze ko yagenze neza naho habaye iterabwoba ry’abajejewe umutekano ku biro bimwe bimwe vy’amatora.
Ibizova mur’ayo matora yahuje umukandida w’umugambwe APC uri ku butegetsi, Samura Kamara, n’uwo umugambwe SLPP ukomeye mu yitavuga rumwe na reta, Julius Maada Bio, bimenyekana kur’uyu wa mbere canke kuwa kabiri.
Mu kiringo ca mbere c’amatora ya kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatatu, uwitoje ku ruhande rw’abatavuga rumwe na reta, uwahoze mu gisirikare Julius Maada Bio, yatsinze n’amajwi 43,3% ku majwi 42,7% ya Samura Kamara yitoje ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi.
Ibwirizwa shingiro ry’igihugu rivuga ko uwutsinda abwirizwa gukwiza amajwi 50 kw’ijana.
Facebook Forum