Uko wahagera

Somaliya: Al Shabab Yarishe Abasirikare 4 ba Uganda


Abasirikare ba Uganda bo mu nteko za AMISOM
Abasirikare ba Uganda bo mu nteko za AMISOM

Abarwanyi ba Al shabab baragavye ibitero ku makambi y’abasirikare b’umuryango w’ubumwe bw’Afrika AMISOM mu micungararo y’umurwa mukuru Mogadishu kur'uyu w'Imana, aho abasirikare bane ba Uganda bishwe, nkuko amakuru ava mu gisirikare ca Uganda avuga.

Igisasu gikomeye cane caraturitse kirumvikana cane muri distrikte ya Bulomarer, ku birometero 150 mu bumanuko bwa Mogadishu, mu nyuma hakurikira gutana mu mitwe gukomeye hagati y’abarwanyi ba A shabab n’abasirikare ba AMISOM, nkuko amakuru yo muri Somaliya avuga.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, Jenerali Richard Karemire, yemeje ko igisirikare ciwe catakaje abasirikare bane abandi batandatu barakomereka.

Yongeye avuga ko abarwanyi ba Al Shabab 30 bishwe. Al Shabab nawo uvuga ko wishe abasirikare 59 ba Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG