Uko wahagera

USA Yanse Amatohoza Yigenga ku Bwicanyi Bwakozwe na Isirayeli


Abanyepalestina batwaye mugenzi wabo yakomeretse mu gutana mu mitwe hagati yabo n'abasirikare ba Isirayeli mu ntara ya Gaza, itariki 30/03/2018.
Abanyepalestina batwaye mugenzi wabo yakomeretse mu gutana mu mitwe hagati yabo n'abasirikare ba Isirayeli mu ntara ya Gaza, itariki 30/03/2018.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika carahagaritse ku musi wa gatandatu urwandiko rw’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano rwasaba gutohoza kuri reta ya Isirayeli yagirizwa kuba yarakoresheje amasasu yica ku banyepalestina bari mu myiyerekano mu ntara ya Gaza, nkuko abadipolomate ba ONU babibwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP.

Abategetsi ba Palestina bavuga ko abantu bashika kuri 15 ku musi wa gatanu bishwe n’abasirikare ba Isirayeli kandi abarenga 750 barashwe n’amasasu nyayo.

Abanyepalestina bapfuvye ababo ku musi wa gatandatu, abagandaye bahamagarira bagenzi babo kwihora.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yarashimiye abasirikare biwe kuba bararashe Abanyepalestina.

Ku musi wa gatandatu Abanyepalestina bawuhariye ikigandaro mu gihugu cose.

Kuri uyu w’Imana, Netanyahu yamiriye kure amajambo yashikirijwe na Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko yaneguye yivuye inyuma reta ya Isirayeli kubw’ico gitero.

Igisirikare ca Isirayeli cashikirije ku musi wa gatandatu ko 10 mu banyepalestina bishwe casanze bari mu bakora iterabwoba mu gisagara ca Hamas. Nta bapfuye ku ruhande rwa Isirayeli batangajwe.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres hamwe n’umukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’Ubumwe bwa Burayi, Federica Mogherini basavye ko hoba amatohoza ataho yegamiye kuri uko gukoresha amasasu yica vyagirizwa Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG