Uko wahagera

Al Shabab Yateye Amakambi ya AMISOM


Abarwanyi ba Al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Mogadishu, muri Somaliya, itariki 17/02/2011.
Abarwanyi ba Al-Shabab mu myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Mogadishu, muri Somaliya, itariki 17/02/2011.

Abarwanyi ba Al-Shabab baragavye ibitero ku makambi atanu muri Somaliya mu ntara ya Lower Shabelle, hapfamwo 12 muri bo hamwe n’umusivile umwe, nkuko ababibonye hamwe n’abategetsi bavuga.

Abategetsi ba Somaliya bavuga ko amakamyo yari yuzuye ibisasu yaturikiye ku musi w’Imana ku kambi y’abasirikare ba AMISOM iri ahitwa Bula Marer, ku birometero 110 mu bumanuko bwa Mogadishu hamwe na kimwe mu bisagara bikomeye muri iyo ntara.

Ivyo bitero vyakurikiwe n’ibindi vy’abarwanyi ba Al-Shabab nyene barwanira hasi kuri iyo kambi nyene. Inyuma y’umwanya muto, iyindi modokari yarimwo bombe yaciye yegereza iyindi kambi ya AMISOM hafi y’imihana y’i Golweyn ica irasambuka.

Abarwanyi ba Al-Shabab kandi bateye ikambi ya gatatu y’i Barawe n’ibikoho bikomakomeye. Bongeye batera ibindi birindiro bibiri vy’abasirikare ba reta ya Somaliya mu bice vya Qoryoley na Mashallay.

Icegera ca buramatari w’intara ya Lower Shabelle Ali Nur Mohamed yabwiye Ijwi ry’Amerika ko AMISOM hamwe n’abasirikare ba reta ya Somaliya bigije inyuma ivyo bitero vyose.

Umunyagihugu wo mu mihana ya Qoryoley yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abarwanyi babiri ba Al-Shabab bapfuye mur’uko gutana mu mitwe. Ivyo bitigiri kandi vyemejwe na Mohamed.

Al-Shabab yemeje ko abasirikare 59 ba Uganda hamwe n’abarwanyi babo 14 bishwe muri ivyo bitero. Ayo makuru nta rundi ruhande ataho rwegamiye rurayemeza.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG