Uko wahagera

Abadiplomate b’Abarusiya Birukanywe na Amerika Batanguye Gutaha


Ahakorera Ambassade y'Uburusiya Washington

Abadiplomate b’Uburusiya baheruka kwirukanwa na Amerika kuri uno wa gatandatu batanguye gusubira mu gihugu cabo.

Ni inyuma y’igitero c’uburozi bw’ubumara ku Murusiya Sergei Skripal, yahoze ari umusumyi w’urusaku ku butaka bw’Ubwongereza n’umukobwa wiwe Yulia Skripal, cegekwa ku Burusiya.

Anatoli Antonov aserukira Uburusiya I Washington, yabwiye abanyamakuru ko Reta y’Uburusiya yarungitse indege zibiri zo gutahukana Abadilpomate bari mu bisagara bitandukanye vya Amerika.

Muri rusangi, ibihugu 18 birimwo Amerika vyirukanye abadiplomate barenga 100. Amerika yonyene ubwayo yirukanye abagera kuri 60, barikumwe n’imiryango yabo bagera kw’171.
Uburusiya bwakomeje kwamirira kure ivyagiriji vy’uko bwoba bwararoze Sergei Skripal n’umukobwa wiwe Yulia Skripal.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG