Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Uburyo Bushasha bwo Kwipima Sida


Umugabo arenganye ahari amabendera ariko ikimenyetso ca Sida, Johannesburg, Afrika y'Epfo, Itariki 01/12/2014.
Umugabo arenganye ahari amabendera ariko ikimenyetso ca Sida, Johannesburg, Afrika y'Epfo, Itariki 01/12/2014.

Abategetsi ba Afrika y’epfo, igihugu ca mbere kw’isi kirimwo benshi bagendana umugera wa Sida bariko baha abanyagihugu ibikoresho vyo kwipima ubwabo kugira igihugu kirabe ko abandura bogabanuka.

Abategetsi bafise ivyizigiro ko ivyo bikoresho vyo kwipima bizokoreshwa n’urwaruka rwinshi rwari rugoye gushikira, mu gihe rusanzwe rutinya kuja kwipimishiriza mu bibanza bihuriramwo bose.

Uwo mugambi watanguriye muri Malawi, Zambiya na Zimbabwe mu mwaka w’2015 mu nyuma ubona gutandukira muri Afrika y’epfo mu mwaka uheze. Afrika y’epfo gifise ibice 18.9 kw’ijana vy’abanduye Sida mu bantu bakuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG