Uko wahagera

Isirayeli Iragabisha Kuzorasa Abazogira Imyiyerekano


Abanyepalestina bashinze amahema mu myiteguro y'imyiyerekano ku rubibe rwa Gaza na Isirayeli, Itariki 27/03/2018.
Abanyepalestina bashinze amahema mu myiteguro y'imyiyerekano ku rubibe rwa Gaza na Isirayeli, Itariki 27/03/2018.

Igisirikare ca Isirayeli gitangaza ko citeguye kurasisha amasasu nyayo mu gushwiragiza abazogira imyiyerekano ku musi wa gatanu mu ntara ya Gaza.

Isirayeli yarungitse abasirikare barenga ijana karuhariwe mu kugema ku mupaka wa Gaza, kandi bahabwa uburenganzira bwo kurasa abazoba bariko barigaragamvya mu gihe inyubakwa za Isirayeli zobangamirwa. Ivyo umukuru w’ibiro vya gisirikare muri Isirayeli, Gadi Eizenkot yabibwiye ikinyamakuru Maariv co muri isirayeli kuri uyu wa gatatu.

Abateguye iyo myiyerekano bavuze ko biteze ko izokwitabwa n’ibihumbi vy’abantu, harimwo n’imiryango yose, mu myigaragamvyo y’imisi itandatu iharanira uburenganzira bw'impunzi z’Abanyepalestina bwo gutahuka iwabo muri Isirayeli.

Abanyepalestina basavye kuva kera ko abashika imiriyoni zitanu mu bantu babo bemererwa gusubira mu gihugu cabo bahunze. Isirayeli gushika ubu yaranse ivyo vyipfuzo, itinya ko mu gihe bovyemere Abarabu bashobora kugabanya ubwinshi bw’Abayahudi muri Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG