Abantu ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara ku murwa mukuru, Accra uno musi ku wa gatatu. Hari mu ntumbero yo kwiyamiriza amasezerano mu vya gisirikare na Reta Zunze Ubumwe z'Amerika adahuriweko na bose. Ayo masezerano yemejwe n’inama nshingamateka mu ndwi irangiye.
Ayo masezerano yemejwe na Reta ya Perezida Nana Akufo-Addo ku musi wa gatanu w’indwi iheze. Yamara yaranebaguwe bikomeye n’abatavuga rumwe na Reta bavuga ko ageramira ubwigenge bw’igihugu.
Ghana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko bikora kugira bigiriranire imigenderanire myiza kurushiriza ya gisirikare hagati y’ivyo bihugu bibiri. Izo mpande zibiri zarahakanye urukurukuru ruvuga ko Reta ya Amerika ifise imigambi yo gushiraho ibirindiro vya gisirikare muri Ghana.
Abari mu myiyerekano bo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, National Democratic Congress, mu mpfunyapfunyo, NDC bari bafise inzandiko zigabisha Perezida Akufo-Addo kutagurisha igihugu ca Ghana, kandi ko Reta yiwe idashoboye amabanga ijejwe.
Mu butumwa kuri Twitter, John Mahama yahoze ari perezida yarashigikiye abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza amasezerano ya gisirikare hagati ya Ghana na Amerika.
Mu ndwi iheze, Ambasade ya Amerika muri Ghana, yatangaje ko Reta ya Amerika itasavye gushiraho ibibanza vya gisirikare mur’ico gihugu kandi ko ata migambi ifise yo gushiraho ivyo bibanza.
Facebook Forum