Uko wahagera

Etiyopiya: Abiy Ahmed Yatowe Kuzoba Umushikiranganji wa Mbere


Urunani rw’imigambwe iri ku butegetsi muri Etiyopiya rwatoye Abiy Ahmed ngo arurongore, ivyo vyashikirijwe kur'uyu wa kabiri n’iradiyo ya reta, Fana Broadcasting Corporation.

Gutorerwa ico kibanza bimuha uburenganzira bwo guca aba umushikiranganji wa mbere agira gatatu mu myaka 23.

Urunani rw'imigambwe EPRDF rwatangaje iyo ngingo ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri mu matora atatangajwe mu binyamakuru.

Ahmed asubiriye Hailemariam Desalegn, yatanze imihoho mu kwezi guheze igihe hari uruhagarara rufatiye ku mvo za poritike mu gihugu.

Ahmed w’imyaka 41, yar’amaze imyaka irenga cumi muri porikite. Imbere yo kuba umushingamateka, yari umusirikare w’ipete rya Koloneli gushika mu mwaka wa 2010 mu gisirikare ca Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG