Uko wahagera

Afrika y'epfo: Abantu 30 Bahagaritswe mu Ruhagarara


Imyiyerekano isaba kw'amatongo asubizwa abirabure muri Afrika y'epfo

Igipolisi ca Africa y’Epfo cafashe abantu bashika kuri 30 inyuma y’imyiyerekano yaranzwe n’ubugizi bwa nabi. Abagize imyiyerekano bariko bagerageza gufata itongo rya reta, bongera baraturira ibiro vy’igipolisi.

Ivyo bibaye mu gihe hari umugambi wa reta wo gutorera inyishu ibibazo vyatewe n’intwaro za kadyanishamiryango za Apartheid zahagaritswe mu 1994. Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yatangaje kw’igihugu ciwe gitegerezwa guha amatongo amwe amwe abirabure b’ico gihugu yatswe inkehwa z’abazungu.

Ejo ku wa mbere, igipolisi cateye ivyuka bibabaza mu maso n’insoro z’imipira abantu bari mu myiyerekano, bariko basahura ibintu mu mamangazini, bonona inyubakwa, batera amabuye imodoka yari iri ku kivuko c’ahitwa Hermanus.

Ikinyamakuru ENCA gitangaza kw’abari mur’iyo myiyerekano bafashe itongo igipolisi gisanzwe kibaheramwo amazi n’umuyagankuba.

Urwo ruhagarara rubaye mu gihe umukuru w’igihugu yari aherutse kugabisha ko amatongo azoshikirizwa abantu mu buryo butekanye, kandi butarimwo akajagari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG