Uko wahagera

USA Yafatiye Ibihano Amashirahamwe 7 muri Pakistani


Basirikare ba Pakistani muri defile
Basirikare ba Pakistani muri defile

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano amashirahamwe indwi yo muri Pakistani yagirizwa kugira uruhara mu rudandazwa rwa Nikleyeli.

Ayandi mashirahamwe yafatiwe ibihano nk’ivyo ni 15 yo muri Sudani, na rimwe ryo muri Singapour.

Ayo mashirahamwe yagirizwa kubangamira umutekano wo mu gihugu n’inyungu Amerika ifitiye mu makungu, nkuko bishikirizwa na deparotema ijejwe ubudandanji.

Ivyo bihano bitangajwe mu gihe imigenderanire hagati ya Pakistani na Reta zunze ubumwe z’Amerika yatitutse. Reta zunze ubumwe z’Amerika zagiriza Pakistani gufasha abarwanyi batera Amerika hamwe n’ibihugu bifatanije mu rugamba muri Afuganistani, ibirego Pakistani camye gihakana.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG