Uko wahagera

Ubushinwa Buriteguye Guhangana na USA ku Bidandazwa


Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'ubushinwa Han Zheng mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Beijing, Itariki 20/03/2018.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere w'ubushinwa Han Zheng mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Beijing, Itariki 20/03/2018.

Umwe mu batagetsi bakomeye b’Ubushinwa yagabishije amakungu ko hashobora kwaduka intambara ikomeye yo guhanahana ibidandazwa, ishobora kubangamira impande zose.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Han Zheng yagize ati "intambara yo guhanahana urudandazwa nta n’umwe ayungukamwo. Izogira ingaruka mbi.” Yabishikirije mu nama yerekeye iterambere yabereye i Beijing ku musi w’Imana.

Han ntiyadomyeko urutoke Reta zunze ubumwe z’Amerika canke Perezida Donald Trump mw’izina, aheruka gutangaza ko azotoza amatagisi ku vyuma vyinjira muri Amerika.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zagirije Ubushinwa kwungukira mu rudandazwa kuruta Amerika, kwiba ubumenyi no gushorera muri Amerika ibidandazwa ku giciro co hasi bigatuma ibikorerwa mu gihugu bica biboneka ko bizimvye.

Ubushinwa bwarahakanye ivyo bwagirizwa n’Amerika kandi abategetsi babwo batangaza ko biteguriye kurwanira inyungu zabwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG