Uko wahagera

Nijeriya: Abakobwa 105 mu Bari Baranyurujwe na Boko Haram Bahawe Abavyeyi


Perezida Buhari abonana n'abana b'abakobwa bo kw'ishuri rya Daptchi bari baranyurujwe na Boko Haram

Abana b’abakobwa barenga ijana bari baranyurujwe kw’igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa kabiri n’umuhari w’intagondwa z’Abayisilamu wa Boko Haram mu gisagara ca Dapchi, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, mu nyuma barabohozwa mur’iyi ndwi irangiye, kur’uyu w’Imana niho bashikirizwa imiryango yabo.

Abakobwa 105 bashikanywe i Dapchi, muri reta ya Yobe bari mu ma bus atanu baherekejwe n’abasirikare, inyuma y’imisi itatu bari bamaze mu minwe y’abategetsi ku murwa mukuru Abuja.

Uwo murwi w’abo banyeshure bari bashikanwe n’indege i Maiduguri ku murwa mukuru w’intara ya Borno mu gatondo ko kur'uyu w'Imana, imbere yo kujanwa mu gisagara bavukamwo. Baciye batwarwa mu buraro bw’abakobwa kw'ishure bigamwo igihe banyuruzwa, mu birori bari bateguriwe vyari vyitabwe n’abanyeporitike ba Nijeriya, barimwo Abasenateri.

Abakobwa 105 kuri 111 banyurujwe ni bo barekuwe ku musi wa gatatu inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’ubutegetsi na Boko Haram. Amakuru atangwa n’abo bana avuga ko umwe muri bo yitwa Leah Sharibu wo mw’idini rukristu akiri mu minwe ya Boko Haram ahowe ko yanse kwinjira mw’idini rya Kiyisilamu. Igiporisi kimenyesha ko kitazi amakuru y’uyo mwana.

Abandi banyeshure batanu boba barapfuye igihe banyuruzwa mu ma kamyo yari abatwaye aho bajanwe gufungirwa nkuko vyashikirijwe na bagenzi babo barekuwe.

Kuva mu mwaka wa 2009 Boko Haram uvutse, abantu barenga ibihumbi 20 baramaze gupfa abandi imiriyoni 2,6 bateshejwe ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG