Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje kur’uyu wa kane ko azosubiriza Liyetena Jenerali H.R. McMaster, umuhanuzi mu vy’umutekano mu gihugu hagati muri White House.
Mu nyuma gato y’iryo tangazo, McMaster nawe yaciye ashikiriza ko agiye gukukuruka mu gisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika no guhagarika imirimo ya reta.
Amakuru ava mu bimenyeshamakuru avuga ko mu bikorwa vyiwe mu biro vy’umukuru w’igihugu yamye adahuza na perezida Trump ku bibazo bimwe bimwe kandi ko vyashika ntiyumvikane n’abandi bategetsi bakomeye muri White House harimwo John Kelly umunyamabanga mukuru mu biro kwa perezida hamwe na Jim Mattis, umushikiranganji wo kwivuna abansi.
John Bolton yahoze ari ambasaderi w’Amerika muri ONU ni we azomusubirira.
Facebook Forum