Uko wahagera

Amnesty Yagiriza USA n'Abandi Ivyaha vyo mu Ntambara muri Yemeni


Imyotsi iva ahariko harwanira abapfa ubutegetsi muri Yemeni.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryishinze guharanira agateka ka zina muntu ku wa gatanu ryaragirije ibihugu vyo mu burengero bw’isi, birimwo Reta zunze ubumwe z’Amerika, n’Ubwongereza kuba biha ibirwanisho Arabiya Sawudite n’ibihugu bifatanije kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Yemeni mu kiringo cababa imyaka itatu iyo ntambara imaze.

Umuyobozi wa Amnesty ajejwe ubushakashatsi mu kerere k’Abarabu, Lynn Maalouf avuga ko hari ibimenyetso vyerekana ko ibirwanisho bifise ibiciro biharurwa mu mamiriyaridi y’amadorari bibandanya birungikirwa Arabiya sawudite vyakoreye amarorerwa abasivile ba Yemeni.

Amnesty iremeza kandi ko mu matohoza ryakoze impanze zose zifise uruhara mur’iyo ntambara zahonyanze amategeko mpuzamakungu.

Kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2015, abantu bashika ibihumbi cumi barishwe abarenga ibihumbi mirongo itanu na bitatu barakomereka mur’iyo ntambara yo muri Yemeni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG