Uko wahagera

Abarwanya Reta ya Siriya Bariko Barava muri Ghouta


Abarwanya reta ya Siriya biyegeranya kandi basenga imbere yo kugenda, ku rubibe rw'igisagara ca Harasta, mu buseruko bwa Damas mu micungararo ya Ghouta, Siriya, Itariki 22/03/2018.

Abarwanyi barenga 1,500 barwanya reta ya Siriya n’imiryango yabo bariko barava mu mihana iri mu buseruko bwa Ghouta mu gihe igisirikare ca reta cegereje gufata umurwa mukuru wose.

Abarongoye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Siriya bavuga ko bizeye ko ukwo guhunga kuzomara imisi itari mike kandi bazova mu bindi bice bibiri vyo mu buseruko bwa Ghouta biri mu minwe y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ayo masezerano yo kuva mu gisagara yumvikanyweko n’Uburusiya, reta ya Siriya hamwe n’abayirwanya arimwo no guhanahana abanyororo bagizwe imbohe ku mpande zose.

Abasirikare ba Siriya, bafatanije na Siriya ni bo batanguje ibitero vy’indege vyatumye basubira kwigarurira ubuseruko bwa Ghouta mu kwezi guheze.

Iyo mirwano imaze guhitana abantu barenga igihumbi n’amajana atanu, isiga abasivile batashoboye canke batashatse kuva mu mazu yabo mu bukene no kubura ibifungurwa n’imiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG