Umushingwamanza yari arongoye umurwi wahanura perezida Donald Trump ku matohoza ariko arakorwa n’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu muri 2016 yatanze imihoho ku musi wa kane.
John Dowd mw’itangazo yashikirije yavuze ko igitumye atanga imihoho ar’uko atashimishijwe n’uko impanuro baha perezida Trump atazubahirije.
Kuva mu ci riheze niho John Dowd yatangura kurongora umurwi w’abashingwamanza bahanura Trump kuri dosiye y’Uburusiya.
Facebook Forum