Uko wahagera

Impunzi 4000 Zivuye muri RDC Zinjiye muri Uganda


Ubwicanyi bubandanya kuba mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo buriko butuma abantu ibihumbi n’ibihumbi bata ingo zabo. Haharugwa ko abantu ibihumbi mirongo itanu bavuye muri Kongo bamaze kujabuka binjira muri Uganda.

Naho ikiyaga ca Albert gikunze gusa n’igitekanye kirabangamira ubuzima bw’abantu bagerageza kukijabuka. ONU itanganza ko impunzi z’Abanyekongo batari bake bamaze kuhasiga ubuzima mu rugendo rw’amasaha atanu mu bwato, ku bagerageza kurujabuka.

Izo mpunzi ziva muri Kongo ziriko zihunga intambara ibandanya kubera mu ntara ya Ituri hagati y’abo mu bwoko bw’Abahema n’Abalendu.

Abacika kw’icumu bavuga ko uretse ukwo vyari bimeze mu bihe vya kera, ibitero bihari vyatanguye giturumbuka kandi abagore n’abana nabo nyene baricwa.

Impunzi zishika muri Uganda zakirirwa mu kibanza c’ahitwa Sebagoro. Mu kiringo c’imisi itatu iheze, ONU itangaza ko abantu bashika ku bihumbi bine bamaze kwinjira muri Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG