Uko wahagera

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru w’igihugu ca Nigeriya, Lai Mohammed, atangaza ko abarwanyi b’umurwi Boko Haram barekuye abigeme 91 ku bigeme 110 bari banyuruje mu gisagara ca Dapchi mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu mu kwezi guheze.

Lai Mohammed yabwiye abamenyeshamakuru ku mu murwa mukuru, Abuja, uno musi ku wa gatatu, kw’abarwanyi ba Boko Haram basize abo bigeme 91 n’umuhungu umwe kw’ibarabara. Ibiro vyiwe bitangaza ko abo bigeme barekuwe hafi y’isaha icenda zo mw’ijoro mu masaha yaho. Ivyo biro bitangaza kw’abo bigeme basubiye mur’iki gihe mu gisagara ca Dapchi. Ivyo biro bimenyesha ko ata ngwati zatanzwe kugira barekurwe.

Ababa mu karere ka Dachi bavuga ko abarwanyi b’umurwi Boko Haram batwaye abo bigeme mu modoka icenda mu gisagara ca Dapchi, babasigaho. Ivyerekeye abandi bigeme bakigizwe imbohe ntibitomoye.

Umurwi Boko Haram wanyuruje abo bigeme kw’ishule irimwo uburaro ku banyeshule mu gisagara ca Dapchi kw’italiki 19 z’ukwezi kwa kabiri, muri uyu mwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG