Uko wahagera

USA: Sena Yemeje Kubandanya Gufasha mu Ntambara ya Yemeni


Ibisigarira vyasizwe n'ibitero vy'abasirikare mpuzamakungu barongowe na Arabiya sawudite Sanaa, Yemeni, itariki 25/01/2016.
Ibisigarira vyasizwe n'ibitero vy'abasirikare mpuzamakungu barongowe na Arabiya sawudite Sanaa, Yemeni, itariki 25/01/2016.

Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kabiri yarahakanye integuro y’itegeko ryari ritumbereye guhagarika imfashanyo igisirikare c'Amerika giha urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya sawudite rurwanya Abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Houti barwanya reta ya Yemeni.

Ivyo vyabaye mu gihe kur'uyu musi nyene umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed ben Salmane yariko abonana na Perezida Donald Trump i Washington. Iyo nteguro y’itegeko yari yashikirijwe n’abasenateri batatu bo mu mugambwe w’Abarepublikani bafatanije n’abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko izo mfashanyo zitangwa mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuva ku ntwaro ya perezida Barack Obama, mu mwaka wa 2015 ifasha urwo runani ibikorwa vy’iperereza, gutanga ibikoresho ku gisirikare barwanira mu kirere, ariko bamwe mu basenateri b'Amerika babona ko izo mfashanyo zategerezwa kubanza kwemezwa n’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG