Uko wahagera

RDC: Igisirikare Carishe Abarwanyi 4 mu Ntara ya Ituri


Abasirikare ba FARDC bagenzura imihana yavuyemwo abantu y'i Kaswara, ku birometero 60 mu bumanuko bushura uburengero bwa Bunia, mu ntara ya Ituri, RDC, itariki 14/07/2006.
Abasirikare ba FARDC bagenzura imihana yavuyemwo abantu y'i Kaswara, ku birometero 60 mu bumanuko bushura uburengero bwa Bunia, mu ntara ya Ituri, RDC, itariki 14/07/2006.

Igisirikare ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo catangaje ko cishe abarwanyi bane bagirizwa ubwicanyi bwakorewe abasivile mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Umuvugizi w’igisirikare mur’iyo ntara, liyetena Jules Ngongo, yashikirije ko babiciye mu gitero bakoze ku kirindiro cabo mu mihana y’i Laledjo, kandi ko umwe muri bo bamufashe, kandi babandanya bakurikirana abasigaye.

Igisirikare nticashikirije ubwoko abo barwanyi bakomokamwo, ariko gisaba abanyagihugu kubafasha kwerekana aho abo barwanyi binyegeza.

Kuva mu kwezi kwa kabiri, ni mur’iyo mihana y’i Ladedjo abo barwanyi bagirira imyimenyerezo ya gisirikare kandi niho bashinze ikirindiro, nkuko abanyagihugu baho bavyiganiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, abantu barenga 120 ni bo bamaze kwicwa mu gutana mu mitwe hagati y’amoko y’aborozi b’aba Hema hamwe n’abarimyi bo mu bwoko bw’aba Lendu mu ntara ya Ituri, nkuko vyashikirijwe n’amakuru atandukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG