Uko wahagera

USA: Abantu 3 Bakomeretse kw'Ishure muri Reta ya Maryland


Abanyeshure n'ababyeyi bariko barahunga ahantu harashwe kw'ishure Great Mills High School
Abanyeshure n'ababyeyi bariko barahunga ahantu harashwe kw'ishure Great Mills High School

Abantu batatu bakomeretse uyu musi ku wa kabiri kw’ishule rikuru riri muri komine St. Mary, muri reta ya Maryland, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, nk’uko bitangazwa n’umupolisi mukuru wo muri iyo komine.

Amakuru atangazwa n’abategetsi bajejwe indero n’inyigisho muri iyo komine bavuga ko abanyeshule bose bavanywe muri iryo shule, bagatwarwa mu kindi kibanza kiri hafi y’irindi shule ryitwa Leonardtown High School.

Ibiro vy’igipolisi vyatangaje ko abantu babiri bakomeretse, baciye banyarukanwa mu bitaro. Yarama ngo nta makuru vyari bifise yerekeye ukuntu abo barashwe bamerewe. Kuva inkoho yumvikanywe kuri iryo shure, haciye hafatwa ingingo yo kuzibira uruja n’uruza.

Iryo shuri ryitwa Great Mills High School riri ku bilomtero 109 uvuye ku murwa mukuru wa Amerika Washington.

Bulamatari wa reta ya Maryland, Larry Hogan, yatangaje ko ibiro vyiwe biriko birahanahana amakuru n’ibiro vy’abapolisi hamwe n’izindi nzego zose zijejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG