Uko wahagera

Canada Kizohereza Kajugujugu muri Mali


Abasirikare ba Canada binjira muri kajugujugu bava mu ntara ya Kandahar, mu bumanuko bwa Afghanistani, Itariki 18/06/2011.

Igihugu ca Canada catangaje naco ko kigiye kugira utwigoro two kubungabunga amahoro muri Mali kiri mu burengero bwa Afrika mu gutanga kajugujugu zitandatu za gisirikare hamwe n’abasirikare.

Umushikiranganji wa Canada ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Chrystia Freeland yatangaje kuri uyu wa mbere ko izo mfashanyo zizofasha mu kiringo c’amezi 12. Igitigiri c’abo basirikare ntikiramenyekana.

Igihugu ca Mali cinjiye mu ruhagarara kuva mu mwaka wa 2012 igihe abasirikare bagumuka bakura umukuru w’igihugu yari amaze imyaka irenga 10 ku butegetsi.

Ukwo kuba igihugu caciye kibura indongozi vyatumye havuka imirwi y'abarwanyi ishingiye kw’idini rya Kiyisilamu bituma Abafaransa batanguza intambara yakuye abo Bayisilamu ku butegetsi mu mwaka wa 2013. Ariko iyo mihari y’abarwanyi iracahungabanya umutekano mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG