Uko wahagera

Umuhungu w’Umwami wa Arabiya Sawudite Aragenderera Amerika


Umuhungu w'umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman ashikiriza ijambo mu nama y'urunani rurwanya iterabwoba i Riyadh, itariki 8/02/2018.
Umuhungu w'umwami wa Arabiya Sawudite Mohammed bin Salman ashikiriza ijambo mu nama y'urunani rurwanya iterabwoba i Riyadh, itariki 8/02/2018.

Umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite, Mohammed bin Salman, yitezwe i Washington muri iyi ndwi. Ni mu gihe icuka kibi hagati ya Arabiya Sawudite na Irani kibandanya ciyongera.

Mohammed bin Salman ategekanya kubonana na Perezida Donald Trump kur’uyu wa kabiri.

Trump yamye yerekana ko ari ku ruhande rw’intwaro ya cami y’aba Sunite isanzwe itumvikana n’intwaro ya Irani yiganziwe n’aba Shi'ite.

Mu kiganiro yahaye Televiziyo CBS yo muri Amerika, Trump yagereranije umutegetsi wa Iran na Hitler, avuga kandi ko mu gihe Irani coronka ikirwanisho ca Nikleyeli, Arabiya Sawudite naco coca gikurikira.

Trump yagize ati: "Arabiya Sawudite nta mugambi gifise wo gukora bombe Nikleyeri, ariko ni mu gihe kitogira amakenga ko Irani nayo ivyipfuza, yongera ati tuzobikurikiranira hafi ".

Uru rugendo rw’umuhungu w’umwami wa Arabiya Sawudite rutumbereye kuremera Trump amere magabo imbere y’uko ukwezi kwa gatanu kurangira aho Trump azemeza nimba agiye kubandanya n’amasezerano yemejwe n’amakungu ku birwanisho vya Nikleyeri vya Irani canke azoyavamwo.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG