Uko wahagera

Umunyepalestina Yarishe Umuporisi wa Isirayeli


Abaporisi ba Isirayeli bahagaze ahacumitiwe umuntu i Tel Aviv, Israel. itariki 23/04/2017.

Umunyepalestina yaracumise atako yica umuporisi wa Isirayeli ku musi w’Imana mu gisagara ca kera ca Yerusalemu, imbere yuko nawe yicwa n’igipirosi, ivyo vyashikirijwe n’abategetsi b’ico gihugu.

Abajejwe umutekano muri Isirayeli babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko uwo mwicanyi yar’azwi kw’izina rya Abdelrahmane Fadel, yari umunyepalestina yamuka mu ntara ya Cisjordaniya.

Ubwo bwicanyi bwabaye inyuma y’imisi abiri uwundi munyepalestina agonze yongera arica abasirikare babiri ba isirayeli akomeretsa abandi babiri mu buraruko bwa Cisjordaniya, nkuko amakuru ava mu gisirikare ca Isirayeli avuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG