Uko wahagera

ONU Yiyemeje Gufasha mu Matora muri Zimbabwe


Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa mu nama mpuzamakungu y'ubutunzi i Davos, mu Busuwisi, itariki 23/01/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ribicishije ku gisata caryo kijejwe iterambere, PNUD ryashikirije ko ryiyemeje gufasha mw’itegurwa ry’amatora arindiriwe mu kwezi kwa ndwi kuza muri Zimbabwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu, inyuma y’urugendo rw’imisi itatu yarimwo muri Zimbabwe, Achim Steiner arongoye PNUD yemeye ko ONU igiye kubandanya ifasha mu nteguro y’amatora no mu twigoro two kunagura ubutunzi.

Uwo mutegetsi yaraganiriye na Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, abategetsi bo muri reta, abakuru b’imigambwe ya poritike hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike.

Steiner, yamenyesheje kandi ko mu mwaka uheze ONU yahaye Zimbabwe imiliyoni 409 z’amadolari yo gufasha mu gisata c’amagara y’abantu, intwaro ibereye, n'ihindagurika ry’ibihe.

Ku musi wa gatandatu kandi Perezida Mnangagwa yarongeye ariyemeza ko azotunganya amatora azokwizerwa na bose kandi ata n’umwe azokumira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG