Uko wahagera

Isiraheli: Sentare Yahagaritse Umugambi wo Kwirukana Abimukira


Abimukira b'Abanyafrika batonde ku biro bijejwe abimukira muri Isirayeli.

Sentare nkuru ya Isirayeli kur’uyu wa kane yahagaritse ivy’agateganyo umugambi wa reta wo kwirukana ibihumbi vy’abimukira b’Abanyafrika binjiye mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Iyo sentare yari yakiriye ibirego vy’amashirahamwe avugira abimukira, yahagaritse uwo mugambi wa reta gushika kw’itariki ya 26 z’ukwezi kwa gatatu, kugira uyihe umwanya wo gutanga ivyo yishimikiza mu gufata iyo ngingo yo kubirukana.

Reta ya Benjamin Netanyahu ishaka kwirukana ibihumbi vy’abimukira bamuka mu bihugu vya Eritreya na Sudani binjiye mu nzira zitemewe n'amategeko kandi batasavye ubuhungiro.

Reta yari yabahitishijemwo gutaha mu kwezi kwa kane mu bihugu vyabo canke kujanwa mu kindi gihugu cokwemera kubakira canke bagahitamwo gufungwa muri Isirayeli ubuzima bwabo bwose. Uwo mugambi wari werekeye ubwa mbere abagabo gusa batarasaba ubuhungiro canke ababwimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG