Uko wahagera

RDC: Abateshejwe Izabo Barishe Umuporisi muri Ituri


Abasirikare ba reta ya republika iharanira demokarasi ya Kongo (FARDC) bakizura mu mihana abanyagihugu bahunze, mu bumanuko bwa Bunia, mu ntara ya Ituri, itariki 14/07/2006.
Abasirikare ba reta ya republika iharanira demokarasi ya Kongo (FARDC) bakizura mu mihana abanyagihugu bahunze, mu bumanuko bwa Bunia, mu ntara ya Ituri, itariki 14/07/2006.

Abateshejwe ingo zabo mu bwicanyi bubera mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu wa kane barishe umuporisi, nawe umushikiranganji w’iyo ntara arashobora kurokoka inyuma go gutabarwa n’igiporisi, nkuko bishikirizwa n’amakuru yo kwizigirwa.

Umushikiranganji w’abakozi ba reta mur’iyo ntara, Didi Angaika, yatewe amabuye mw’ikambi yakoranirijwemwo abataye izabo iri ku bitaro bikuru mu gisagara ca Bunia, umurwa mukuru w’intara ya Ituri, aho yari arongoye umurwi w’abatanga imfashanyo.

Umushikiranganji Didi yavuze ko bamwitiranije n’umukuru w’aba Lindu bagiriza kuba hejuru y’ubwicanyi ubwoko bwabo buriko burakorerwa.

Ikambi y’abateshejwe izabo y’i Bunia irimwo abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Hema, bahunze ibitero n’uguturirirwa amazu begeka ku bwoko bw’aba Lendu.

Intambara hagati y’ayo moko imaze guhitana abashika ibihumbi 50 hagati y’imyaka y’1999 na 2003.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG