Uko wahagera

Ikiraro c'Abagenda n'Amaguru Cabomokeye ku Miduga muri Florida


Ahabomokeye ikiraro, kw'ishure mpuzamakungu mu gisagara ca Florida kw'itariki 15/03/2018, mu karere ka Miami.

Ikiraro cari cakorewe abantu bagenda n’amaguru mu gisagara ca Miami, muri reta ya Florida, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika carasenyutse kur’uyu wa kane, kigwa ku miduga itari mike yari mw’ibarabara.

Ico kiraro cari cakorewe gufasha abanyeshure bo kuri kaminuza mpuzamakungu yo mur’iyo reta kuva mu mazu y’uburaro bakajabukira mu masomero bigiramwo batarinze guca mw'ibarabara.

Igiporisi kivuga ko imiduga umunani ari yo yaguweko n’ico kiraro kandi abantu umunani batwawe mu bitaro, ariko nta bitigiri vy’abapfuye catangaje.
Ibimenyeshamakuru bitangaza ko abantu bari hagati y’umwe na cumi bapfuye.

Ico kiraro vyari bitegekanijwe ko cugururirwa abanyeshure mu mwaka uza. Nta munyeshure yahasize ubuzima kuko basanzwe mu karuhuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG