Uko wahagera

RDC: ONU Isabira Ubutungane Abasinzikajwe i Kasai


Intumwa idasanzwe ya ONU ku bana n'intambara, Leila Zerrougui, ukwezi kwa gatandatu, 2005.
Intumwa idasanzwe ya ONU ku bana n'intambara, Leila Zerrougui, ukwezi kwa gatandatu, 2005.

Umuyobozi mushasha w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, MONUSCO, Leila Zerrougui, yasavye uno musi ku wa kane, ko haba ubutungane ku basinzikajwe n’ubwicanyi mu ntara ya Kasai.

Ivyo yabitangaje mu rugendo rwa mbere yagize hanze y’umurwa mukuru Kinshasa, mu ntara ya Kasai iri hagati mu gihugu. Ni mu gihe hari agahengwe kabayabaye mur’iyo intara, inyuma y’ubwicanyi n’uruhagarara vyabaye mu mwaka w’i 2016 n’umwaka w’i 2017.

Ari mu gisagara ca Tshikapa mu ntara ya Kasai Leila Zerrougui yamenyesheje ko basaba ko haba ubutungane ku bantu bose basinzikajwe n’ubwicanyi bukabije bwabereye mur’iyo ntara. Asaba ubutungane nyakuri ku bantu bose batakaje ubuzima.

Yatangaje ko n’ishirahamwe ONU ryatakaje ubwaryo abahinga baryo babiri mur’iyo ntara.

Urugendo rwa Madamu Zerrougui rubaye indwi zibiri inyuma yuko urwego rwa Onu rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi rwongereje ikiringo ca MONUSCO muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG