Uko wahagera

Uganda: Depite Twinamasiko Ntashigikiye Uburinganire


Depite Onesmus Twinamasiko atanga ikiganiro ku banyamakuru, Uganda, Itariki 15/03/2018.
Depite Onesmus Twinamasiko atanga ikiganiro ku banyamakuru, Uganda, Itariki 15/03/2018.

Ikibazo c’ivyaha bikorerwa mu ngo ni ikibazo cagiye ahabona mu gihugu ca Uganda. Ivyo ni inyuma y'uko umushingamateka Onesmus Twinamatsiko ashigikiye gukubita abapfasoni, mu ntumbero y’ukubashira ku murongo.

Abanyagihugu baguye mu gahundwe ku vyatangajwe na Twinamatsiko, bifuza ko asaba imbabazi. Ni vyo vyashitse ku musi wa gatatu mu nama nshingamateka, aho Twinamatsiko yasavye imbabazi yivuye inyuma.

Mu bindi biganiro yahaye itangazamnakuru muri iyi ndwi, Twinamatsiko avugwa ko yatangaje ko uburyo bumwe bumwe bukwiriye nk’ugukubita amakofe abapfasoni.

Umupfasoni, Adeke Anne Ebaju, ari mu bashingamateka basavye ko Twinamatsiko afatirwa ibihano.

Abaharanira uburenganzira bw’abapfasoni mu gihugu ca Uganda babona ivyatangajwe na Twinamatsiko ko ari ugusubira inyuma mu rugamba rwabo. Basavye ko abakorera amabi abapfasoni bakwiye kubibazwa imbere y’amategeko, aho kugirirwa imbabazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG