Uko wahagera

Centrafrika: Gutanga Imfashanyo Vyahagaritswe i Bangassou


Abasirikare ba ONU bo mu nteko za Minusca mw'ibarabara ry'i Bria, muri centrafrika, itariki 21/02/2017.

Ibikorwa vyo gutanga imfashanyo mu gisagara ca Bangassou muri Centrafrika vyarahagaritswe inyuma y’aho ivyuma n’ibikoresho vy’amashirahamwe ane akorera mur’ico gisagara co mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu vyibiwe.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu i Bangui na Joseph Inganji, arongoye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe imfashanyo (Ocha).

Ibiro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Centrafrika (Minusca) ku musi wa gatanu uheze, vyashikirije ko abantu bitwaje ibirwanisho, bakekwa kuba abo mu muhari w’aba antibalakas", bateye ububiko bw’ishirahamwe Cordaid.

Imiduga, amapikipiki hamwe n’ivyuma bitanga umuyagankuza uva ku zuba vy’amashirahamwe atari make vyaribwe kur’uyo musi, nkuko vyemezwa n’umukuru w’ibiro Ocha.

Umukuru wa Minusca, Parfait Onanga-Anyanga yashikirije ko Centrafrika cabaye kimwe mu bihugu bibangamye ku batanga imfashanyo kandi ko bibabaje mu gihe bizwi ko benshi mu banyagihugu baco bakeneye imfashanyo.

Ivyo vyashikirijwe yabivuze inyuma y’itariki 25 z’ukwezi kwa kabiri, ari mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, ahiciwe abakozi batandatu bakorera amashirahamwe atanga imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG