Uko wahagera

Perezida Buhari Yizeza Abavyeyi Banyururijwe Abana


Perezida Buhari mu mubonano n'abavyeyi, abigisha hamwe n'abanyagihugu kw'ishure ry'abakobwa ryigisha ubuhinga, Dapchi, muri reta ya Yobe.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yaremereye abavyeyi b’abanyeshure 110 bo mu gisagara ca Dapchi banyurujwe na Boko Haram mu kwezi guheze, ko igisirikare n’abajejwe umutekano bariko barakora ubudahemuka kugira bababohoze.

Ni mu rugendo yagize kur’uyu wa gatatu mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu, intara imaze amezi icenda mu ntambara, aho yabonanye n'abo bavyeyi. Buhari yaremeye kandi ko ababanyuruje bazohanwa.

Mu minota 45 yamaranye na bo yababwiye ko reta yiwe izohana ivyaha vyakozwe na Boko Haram haba n’ivyakozwe mu mwaka wa 2014 imbere yuko ashikira ubutegetsi.

Iryo nyuruzwa ry'abo banyeshure mu gisagara ca Dapchi ryabaye mu gihe igihugu cari kicibuka abakobwa 276 bo mw’ishure ryisumbuye rya Chibok, muri reta ya Borno, mu kwezi kwa kane 2014, inyuruzwa ryahungabanije amakungu, aho gushik’ubu 112 bataraboneka.

Boko Haram watanguye ubwicanyi kuva mu mwaka w’2009 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Ubwo bwicanyi, hamwe n’ibikorwa vya gisirikare bimaze guhitana abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri hamwe n’imiriyoni 2,6 bateshejwe ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG