Uko wahagera

Perezida wa Phillipine Rodrigo Duterte atangaza ko asokoye igihugu ciwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Iyo sentare yari itanguye kwihweza ivyagirizo bijanye n’ivyaha vy’ihohotera rya kiremwa muntu vyoba vyarakozwe mu mugambi uheruka gushigwa mu ngiro na prezida Duterte mu kurwanya ikoreshwa n’igurishwa ry’ibiyayurabwenge mu gihugu.

Ibiro vya prezida Duterte vyasohoye itanganzo kuri uno musi wa gatatu rivuga ko reta isokoye igihugu mu masezerano y’i Roma buno nyene. Iyo sentare CPI ikorera i Lahe mu Buholande, yashinzwe mu mwaka w'i 1998.

Perezida Duterte avuga ko ukwo gushaka gutohoza ibijanye n’ico gikogwa ca reta ata fatiro bifise, ataho vyakabaye kandi ko ari igitero kuri we bwite no kuri reta arongoye. Rero avuga ati - biragayitse.

Ishirahamwe Amnesty International ryaneguye iyo ngingo yafashwe na Perezida Duterte. James Gomes umuyobozi mukuru wa Amnesty International ku rwego rw’akarere ka Aziya avuga ati “ N’ingingo ititondewe neza ku ruhande rwa Prezida Duterte.

Yongeye avuga ko ari ikimenyetso c’uko abantu bakomakomeye muri Philipine bashaka kunyegeza amabi boba barakoze kurusha ugutunganiriza abanyagihugu. Yongeyeko avuga kw’iyo ngingo ije iteba kuko amatohoza ya mbere aza yaratanguye, bisigura kw’ igihugu ca Philipine gifise inshingano ryo gukurikiza ivy’iyo sentare isaba.

Igipolisi ca Phillipine kirahakana ivyagirizo biri kuriyo, kikavuga gishimitse yuko cagiye kirarasa civuna umwansi yaba afise ikirwanisho kandi yaba akekwa kuba ari mu bagira ubwo budandaji butemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG