Uko wahagera

Ubwongereza Bwirukanye Abadiplomate b'Abarusiya 23


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May ashikiriza ijambo abashingamateka i London, Itariki 14/03/2018.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May ashikiriza ijambo abashingamateka i London, Itariki 14/03/2018.

Ubwongereza bwatangaje ko bwirukanye abaserukira igihugu c’Uburusiya 23. Ni inyuma yuko abategetsi b’Uburusiya bihojeje ivyasabwe n’Ubwongereza vy’ugusigura ukugene ubumara bwakoreshejwe mu gisagara ca Salisbury mu kuroga umurusiya Sergei Skripal yahoze uri umusumyi w’urusaku n’umukobwa wiwe, Yulia.

Iyo ngingo y’Ubwongereza y’ukwishura yatangajwe kur'uno musi wa gatatu, n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May.

hambavu yo kwirukana abaserukira Uburusiya 23, Ubwongereza bwazibiye amatungo y’abategetsi n’abarwizatunga b’Uburusiya bakorana na Reta, bwongera bufata inyubakwa n’ibindi bintu batunze mu gisagara ca Londres. Ubwongereza bwafashe kandi ingingo y’ukwima visa Abarusiya bamwe bamwe badomweko urutoke.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, ariko aremera ibihugu vy'incuti gukwirikira akarorero kiwe. Abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko ata ruhara na rumwe igihugu cabo gifise ku vyerekeye kuroga Sergei Skripal n’umukobwa biwe Yulia. Bagiriza Ubwongereza ko buriko bukokeza urwanko ku Burusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG