Uko wahagera

Abanyeshure Bakoze Imyiyereko muri Amerika Yose


Abanyeshure bo kw'ishure Marjory Stoneman Douglas
Abanyeshure bo kw'ishure Marjory Stoneman Douglas

Abanyeshure n’abigisha ibihumbi n’ibihumbi mu mihingamo itandukanye ya Reta zunze ubumwe z'Amerika bagize imyiyerekano yo kunegura inyifato y’inama nshingamateka. Ni mu gihe babona ko ata kiriko kirakorwa ku bijanye n’ubwicanyi bubandanya kugirwa mu mashure hakoreshejwe inkoho.

Iyo myiyerekano yo guhagarika ibikorwa bakaja mu mayira yatanguye isaha zine zo mu gitondo, imara iminota cumi n’indwi. Buri munota wagenewe buri munyeshure aheruka kwicwa kw'ishure rya Marjory Stoneyman Douglas mu karere ka Parkland muri reta ya Florida. Ubwo bwicanyi buheruka kuba kw’itariki 14 z’ukwezi kwa kabiri (umusi wahariwe abakundana).

Iyo myiyerekano ni imwe mu yindi itari mike iteguwe kuzokorwa mu misi iri imbere harimwo n’iyizobera hano i Washington DC kw’itariki ya 24 z’uku kwezi kwa gatatu. Muri iyo myiyerekano yo gushira ahabona amabi akorerwa mu mashure, biteze ko izokwitabwa n’abantu ibihumbi amajana n’amajana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG