Uko wahagera

ONU: Abimukira Barenga Ibihumbi 16 Baramaze Gutahukanwa Iwabo


Abimukira ku kambi y'abasirikare bacungera imbibe z'amazi.

Abimukira b’Abanyafrika barenga ibihumbi cumi na bitandatu, bari mu makambi muri Libiya baratahukanwe mu bihugu vyabo ku bushake bwabo mu kwezi kwa mbere n’ukwa kabiri. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri n’umukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, Federica Mogherini.

Mogherini yavuze ko hasigaye abimukira bari hagati y’ibihumbi bine na bitanu mu makambi bakoranirijwemwo muri Libiya.

Avuga kandi ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika bariko barakora ibishoboka vyose kugira abo bimukira bazobe batahukanwe bose mu mezi abiri canke atatu ari imbere.

Mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe, mu nama yahuje Ubumwe bwa Buraya n’ubumwe bw’Afrika i Abidjan muri Kote d’ivuware harashinzwe umurwi ujejwe ico kibazo, igihe muri Libiya havugwa urudandazwa rw’abimukira bamuka muri Afrika, no mu buseruko bwo hagati bagerageza kujabukira ku mugabane wa Buraya baciye mw’ibahari meditarane.

Uwo murwi ugizwe n’ubumwe bwa Buraya, ubumwe bw’Afrika, ishirahamwe ryita ku bimukira (OIM) hamwe n’igisata ca ONU cita ku mpunzi (HCR).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG