Uko wahagera

Sierra Leone mu Gice ca Kabiri c'Amatora


Abakozi b'umurwi utunganya amatora bariko baraharura ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu i Freetown, Sierra Leone, Itariki 7/03/2018.
Abakozi b'umurwi utunganya amatora bariko baraharura ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu i Freetown, Sierra Leone, Itariki 7/03/2018.

Inyuma y’aho ata mu kandida n’umwe muri babiri bari imbere y’abandi yagaragaye ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu azosubirira Perezida Ernest Bai Koroma muri Sierra Leone, umurwi w’ico gihugu ujejwe gutunganya amatora wamenyesheje ejo ku musi wa kabiri ko bagiye gutunganya igice ca kabiri c’amatora.

Umukuru w’abatavuga rumwe n’umutegetsi, Julius Maada Bio wo mu mugambwe People's Party niwe yaje imbere y’abandi bakandida 16 ku majwi 43.3 kw’ijana mu gice ca mbere c’amatora yabaye ku musi wa gatatu, inyuma y’ibiharuro vyatangajwe n’uwo murwi ku murwa mukuru Freetown.

Samura Kamara wo mu mugambwe "All People's Congress", yaje mu kibanza ca kabiri ku majwi 42.7. Ibwirizwa shingiro rya Sierra Leone rivuga ko kugira utsinde utegerezwa gushikana amajwi 55 kw’ijana.

Umurwi ujejwe amatora utangaza ko igice ca kabiri c'amatora gitegekanijwe kw’igenekerezo rya 27 z’uku kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG