Uko wahagera

Afurika y'epfo: Igihugu kiri mu Bihe Bidasanzwe Kubw'Ikena ry’Amazi


Abanyagihugu batondeye amazi i Cape Town, Afrika y'Epfo, Itariki 02/02/2018

Afrika y’epfo yatangaje icese ko ikibazo c’ikena ry’amazi gihanze igisagara ca Cape Town n’ibindi bice vy’igihugu vyiswe ibihe bidasanzwe bigeramiye igihugu cose.

Kur’ uno musi wa kabiri reta yatanganje ko abategetsi bagiye guhabwa uburenganzira bwo gukoresha uburyo bwa reta mu nzira zitandukanye, mu ntumbero yo gukemura ikibazo c’ikena ry’amazi. Bahawe kandi uburenganzira bwo gushira mu ngiro imigambi izofasha igihugu kwirinda ibibazo vy’ibura ry’amazi muri kazoza.

Abategetsi bavuga ko ikibazo c’ikena ry’amazi kibangamiye cane cane ibice bitatu vy’igisagara ca Cape Town mu bumanuko bw’igihugu.

Abategetsi ba Cape Town bari bamaze amezi atari make bagabisha ko umusi bise “ Umusi w’Ubusa” aho amazi azobura rwose uzogera, aho ico gisagara kizotegerezwa kwugara ubutagisubira inyuma amavomero yose, bitewe n’uruzuba rwinshi.

Umugambwe utavuga rumwe na reta Democratic Alliance uvuga ko kuba reta yatangaje ko igihugu cinjiye mu bihe bigoye vy’amakuba, bivuga ko ikwiye no guca itanga amafaranga yo kwitaho uturere tugeramiwe kurusha utundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG