Uko wahagera

Umushikiranganji Mukuru wa Palesitina Yacitse kw’Icumu.


Imiduga iherekeje umushikiranganji mukuru wa Palestinian, Rami Hamdallah agiye, inyuma yo guhakwa n'igisasu, mu buraruko bwa Gaza, itariki 13/03/2018
Imiduga iherekeje umushikiranganji mukuru wa Palestinian, Rami Hamdallah agiye, inyuma yo guhakwa n'igisasu, mu buraruko bwa Gaza, itariki 13/03/2018

Igitero ca bombe cononye imiduga itari mike yari iherekeje umushikiranganji mukuru wa Palestiniya Rami Hamdallah. Yari mu rugendo aja mu karere ka Gaza.

Ico gitero cabaye aho bari bageze mu gace k’uburaruko bwa Gaza kafashwe n’abagwanyi bo muri Palestina ba Hamas.

Hamdallah ntaco yabaye kandi umwanya muto inyuma y’ico gitero, yitavye urubanza rwo kwuguruza icese uruganda rutororokanirizwamwo imicafu yo mu mazi.

Umugambwe wa Hamdallah utunga agatoki umugwi w’abagwanyi ba Hamas kuba ari wo wakoze ico gitero.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Palestinia Mahmound Abbas yavuze kw’ico gitero cakozwe n’abo yise imburakimazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG